Perezida wa Guinee, Alpha Conde w'imyaka 82 ashika ku biro vy'itora. Uwo mutama ariko arondera manda ya gatatu yiyamirijwe n'abasanga ukwitoza kwiwe kunyuranye n'amategeko. Abamushigikiye bo bavuga ko amatora ya kamarampaka kw’ihindurwa ry'ibwirizwa nshingiro yabaye mu kwa gatatu yatumye ibiringo vyose bibiri amaze ku butegtsi bicika ubusa, gutyo bagasigura ko ari uburenganzira bwiwe bwo kwitoreza izindi manda. Abakurikiranira hagfi politike ya Guinee basesangura bavuga ko amatora yo kuri uno wa Mungu ashobora kuzokurikirwa n'imvururu.
Facebook Forum