Uko wahagera

Guinee-Bissau: Radiyo Capital FM Ikorana na VOA Yagabweko Igitero


Bamwe mu bamneyshamakuru bakorera Capital Fm mu myiyerekano
Bamwe mu bamneyshamakuru bakorera Capital Fm mu myiyerekano

Amaradiyo muri Guinee-Bissau kuri uyu wa kane yarahagaritse ibiganiro mu kiringo c'amasaha 24 mu ntumbero y'ukwiyamiriza igitero cakozwe kuri Radio Capital FM.

Mu bucagucagu kw’italiki 26 z’ukwezi kw’indwi, umurwi w’abantu bambaye impuzu z’igipolisi bitwaje inkoho zikomakomeye barinjiye mu biro vya Radio Capital FM ku murwa mukuru, Bissau. Iyo nkuru yatangajwe n’icegera c’umuyobozi wayo, Sabino Santos.

Yamenyesheje ko ibikoresho vyayo vyasambuwe. Kuva ico gihe Radio Capital FM yatanze amakuru n’ibindi biganiro ikoresheje urubuga rwa Facebook. Iyo radiyo yigenga ikorana na Radiyo Ijwi ry'Amerika.

Ku musi wa kane, abamenyeshamakuru batari bake barakoraniye hanze y’icicaro cayo mu biri mu mugambi w’ukutihanganira abashaka kubanumya. Uwo mugambi watanguwe n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru mu gihugu. Ukaba wiswe, “Umusi w’agacerere”.

Diamantino Domingos Lopes, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abakozi muri Guinee-Bissau yatangaje ko bashaka kwerekana ko abikorera ku giti cabo bafise uruhara rukomeye mw’iterambere ry’igihugu. Yasavye ko berekana ko batanezerejwe na gato n’ibiriko biraba. Avuga ko igitero cakozwe kuri Radio Capital FM, gityoza bikomeye ubwigenge bw’uguhikiriza ivyiyumviro.

Ico gitero cariyamirijwe n’abategetsi b’igihugu. Yamara abagikoze ntibaramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG