Uko wahagera

Guhindura Uburyo Ivyerekeye Amashule Bitangwa mu Gihugu ca Zambia


Guhindura uburyo ivyerekeye indero bitangwa cabaye igikogwa umwigisha w’umunya Zambia, Rozious Siatwambo yihebeye.

Guhindura uburyo ivyerekeye indero bitangwa cabaye igikogwa umwigisha w’umunya Zambia, Rozious Siatwambo yihebeye.

Yashizeho ishule ryigenga ku murwa mukuru w’igihugu ca Zambia, Lusaka ryitwa, “Great North Road Academy’. Iryo shule rihimiriza abataye amashule imyaka yose baba bafise kugaruka mu mashule.

Uburyo bwarashizwe mu mashule kugira bitume abanyeshule badashoboye gushika ku mashule bashobore kwiga bari imuhira iwabo, hakoreshejwe ama DVDs canke ama CDs yafashwe mu mashule.

Siatwambo yaronse urupapuro rw’umutsindo mu vyerekeye indero, kw’ishule kaminuza ya Zambia. Inyuma yuko aronse iyo diplome, yafashe ingingo y’ukudakwirikira inzira ya bagenziwe.

Avuga ko atashaka kuja muri Reta. Ngo nta handi yashaka kuja. Siatwambo avuga ko yafashe ingingo y’ugukoresha ivyo yize kw’ishule kaminuza kugira ashireho umugambi wiwe yiharije. Kubera akunda ivyerekeye kwigisha kandi atawe ashaka gukorera, yafashe ingingo y’ukugira uruhara mu gisata c’amashule yigenga.

Siatwambo avuga ko umuntu aravye mu mashule yigenga nka yose, menshi muriyo ntayobowe n’abigisha, avuga ko menshi muriyo ayobowe n’abantu bigira imiro y’ubudandaji. Ngo nico gituma yarondeye gushiraho umugambi utandukanye.

Siatwambo avuga ko yatanguye gusohora inzandiko zivuga ku mugambi wiwe, yongera kandi ahamagara abantu bamwe bamwe. Amenyesha ko mu ntango vyashika kw’inyuma yuko avuye mu biro yaca aja ku mabarabara.

Kuri we, no muri ivyo bihe vyo mu ntango n’ivyiyumviro vyiwe vyatera vyiyongere vyatumye abona ukugene ishule yashaka gushiraho ryari gukora, n’ukugene iryo shule ryari kuba ritandukanye n’ayandi mashule yigenga.

Siatwambo avuga ko batanguye kuraba aho bari kuba batandukanye n’ayandi mashule, bakaba batanguye kuzana ivyiyumviro bishasha, nk’ugushiraho uburyo bushasha bwerekeye inyigisho zo mu mashule, n’ukubonako abatashoboye kuza kw’ishule bashobora kuronka inyigisho nziza zishoboka.

Ngo ivyo nivyo vyatumye bashika aho bageze muri iki gihe.

Yamara Siatwambo avuga atari abantu benshi bemera imigambi yiwe. Avuga ko yandikiye amabanki n’amashirahamwe bishika kuri mirongo itanu, ngo ayo mabanki n’ayo mashirahamwe akaba yaranse ivyuyumviro vyiwe. Ivyo vyatumye abonako umuntu adashobora kuzera ku bandi cenke ayandi mashirahamwe. Ngo umuntu ashobora kurangura imigambi yiwe we nyene ubwiwe.

Inyuma yaho Siatwambo yegereye abagenzi biwe bamufashije mu kumuronsa ama dolari ibihumbi cumin a bitanu. Ayo mafranga yiyongeye kuyo yari asanganywe vyamutumye aronka uburyo bw’ugushira mu ngiro iciyumviro ciwe.

Mu kwezi kwa mbere kw’ishule, yari amaze kwinjiza abanyeshule barenga mirongo itatu. Muri iki gihe abanyeshule bagera ku majana indwi n’abakozi barenga mirongo itatu kw’ishule ryiwe.

Siatwambo avuga kw’umuntu adatangura umugambi kubera afise amafranga, ngo umuntu atangura umugambi wiwe n’iciyumviro. Amenyesha kw’ico ciyumviro gitegerezwa kunonosorwa. Ngw’ico ciyumviro nico kigushikana aho amafranga ari. Avuga ko yategerejwe kunonosora iciyumviro ciwe imbere yuko arondera amafranga y’ukugishira mu ngiro.

Muri iki gihe, Siatwambo ariko ashimikira ku vyerekeye gusohora ibitabo bifasha ku binanye n’ibibazo.

Mu mwaka w’2006, yaragize iciyumviro cerekeye igitabo gifasha ku bijanye n’ibibazo, ‘Exams Made Easy”, akaba yaragisohoye.

Kugira gusohora ico gitabo ntibimutware amafranga menshi, yafashe ingingo y’ukugisohorera mu gihugu c’Ubushinwa.

Amenyesha ko yagize ikibazo gikomeye igihe ivyo bitabo vyariko birungikwa I Dar-es-salaam, muri Tanzania bivuye mu Bushinwa. Avuga kw’ubwato bwari butwaye ivyo bitabo bwanyurujwe muri Somalia, indwi zibiri imbere yuko ashikiriza ivyo bitabo. Amenyesha ko yari yatumiye abantu benshi, abashikiranganji n’abandi bantu, kugira abereke iciyumviro ciwe gishasha.

Yaribajije nimba yari guheba uwo mugambi wiwe w’ugushikiriza ivyo bitabo. Yamara yafashe ingingo y’ugushikiriza ama copies makeyi y’ivyo bitabo yari yasohoreye muri Zambia.

Muri iki gihe Rozious Siatwambo afise imigambi y’ukwubakira kuri ico gitabo n’ukwagura ishule ryiwe, “Great North Road Academy”. Avuga ko muri iki gihe, yashize ibiri mu bitabo yasohoye kuri DVD.

Iciyumviro ciwe n’ukwagura iryo shule rigacika ishule kaminuza mu kiringo c’imyaka itatu canke ine yimirije. Avuga ko aza amaze kuronka ubutaka iryo shule rizokwubakwako. Avuga ko bashaka kwubaka ikibanza kizoba kirimwo ishule, ryo mu ntango, ishule ryisumbuye n’ishule kaminuza. Ngo muri iki gihe bariko barondera abotanga amafranga agenewe ico gikogwa. Siatwambo afise umwizero ko mu mwaka w’2005 iyo migambi yiwe izoba yaranguwe.

XS
SM
MD
LG