Uko wahagera

Grenade Zaturikiye i Bujumbura mu Burundi Zihitana Abantu Babiri


Abashinzwe umutekano muri Bujumbura
Abashinzwe umutekano muri Bujumbura

Igitero c’amagerenade caraye kigabwe ku rugo rw’intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura nkuko byemejwe n'igipolisi c'Uburundi.

Igipolisi cemeje ko urugo rw’intwazangabo yo kw’ipete rya Colonel mu gisirikare c’Uburundi ruri muri kartier ya Kamenge mu buraruko bw’isigagara ca Bujumbura rwatewemwo ibisasu vy’amagerenade n’abagizi ba nabi bataramenyekana.

Abantu babiri ni bo bahasize ubuzima harimwo umufasoni w’iyo ntwazangabo. Bitavye Imana bamaze gushikanwa kwa muganga.

Amakuru Ijwi rya Amerika ryaronse ni uko iyo ntwazangabo, Colonel Aaron Ndayishimiye arongoye ibatayo y’i 212 ikorera mw’ishamba cimeza rya Rukoko.

Ku munsi wa mungu, igipolisi cemeje ko iryo shamba ari ryo ryazananyemwo abantu bitwaje ibirwanisho bagavye igitero ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Ibi bije bikurikira ibindi bitero vy’amagerenade mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura umurwa mukuru w’ubutunzi hamwe n’i Gitega umurwa mukuru wa politike, ku munsi wa mbere n’uwa kabiri kuri iyi ndwi.

Haba kuri iki gitero cabaye ku rugo rw’intwazangabo, ndetse no kuri ivyo bindi, igisirikare ntaco kirashima kubivugako.

Inama nshingamateka yateye ivyatsi ubwo bugizi bwa nabi. Alexis Badian Ndayihimbaze umuvugizi w’umukuru w’Inama nshingamateka ni we yasomeye abamenyeshamakuru itangazo, kuri uyu wa gatanu, i Bujumbura.

Inkuru irambuye ku Ijwi ry'Amerika turayigezwaho na Pierre Claver Niyonkuru

Babiri Bahitanywe na Grenade Zaturikiye i Bujumbura mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:48 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG