Uko wahagera

Gineya: Abatembagaje Ubutegetsi Ntibemerwe Kuja mu Matora


Colonel Mamady Doumbouya ayoboye abatembagaje ubutegetsi bwa Gineya
Colonel Mamady Doumbouya ayoboye abatembagaje ubutegetsi bwa Gineya

Abategetsi b'abasirikare bayoboye igihugu ca Gineya basohoye urwandiko ku kiringo mfatakibanza kizoshikana ku matora. Urwo rwandiko rwerekana amabanga, reta mfatakibanza izoba ijejwe, rukongera rukaziririza abasirikare bagize kudeta guhiganwa mu matora azogarukana igihugu mu ntwaro y’igisivile.

Liyetena Colonel Mamady Doumbouya yayoboye abagize kudeta yo kw’italiki 5 y’ukwezi kw’icenda azoba prezida mu kiringo mfatakibanza gushika amatora abaye. Urwo rwandiko rwasomwe kuri televiziyo ya reta mw’ijoro ry’ejo ku musi wa mbere ruvuga ko reta iyobowe n’umushikiranganji wa mbere w’umusivile n’urwego rw’igihugu mfatakibanza bizokora nk’inama nshingamateka. Urwo rwego rugizwe n’abantu 81 baturuka mu migambwe itandukanye, abayoboye urwaruka, inteko zijejwe umutekano, amashirahamwe y’abakozi, abayoboye abikorera ku giti cabo hamwe n’abandi.

Ruzoba kandi rufise umuyobozi mukuru n’ivyegera vyiwe bibiri kandi rutegerezwa kuba rugizwe n’abapfasoni ku bice 30 kw’ijana. Nirwo ruzotegekanya ikiringo reta mfatakibanza izomara. Abazoba bari mu kiringo mfatakibanza ntibazokwemererwa guhiganwa mu matora azokwirikira yo ku rwego rw’igihugu no mu nzego zo hasi.

Urwo rwandiko rurazirirza kandi abanywanyi b’umugambwe wa prezida yakuwe ku butegetsi, Alpha Conde guhiganwa mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG