Uko wahagera

Burundi: General Athanase Kararuza Yiciwe i Bujumbura


General Athanase Kararuza
General Athanase Kararuza

Igitero cahitanye General de brigade Athanase Kararuza cabaye nk’igihe c’isaha imwe y’agatondo.Cabereye kw’ibarabara ryitiwe Mutima Mweranda i ruhande y’ishure ryisumbuye rya Saint Esprit muri karitiye Gihosha, komine Ntahangwa mu buraruko bwa Bujumbura. Abari hafi yahabereye ico gitero bemeza ko abantu bamutangiriye bari bambaye impuzu za gisirikare bafise n’ibikoho binini binini harimwo ibitera ama rokete.

Aho imodokari yiwe yarasiwe haboneka ibisigarira vyisnhi vy’amasasu nayo umuduga yarimwo wari watobaguritse rwose. Bene kumwica batanguye kurasa umuduga igisasu ku ruhande rw’ububamfu umushoferi acagerageza guhungira mu bigo vya Lycée Saint Esprit. Naho nyene bayikurikije amasasu mbere n’umuryango w’icuma wo ku rwinjiriro rw’iryo shure watobaguritse co kimwe n’akazu kahari.

Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare yabishikirije mw’itangazo yasomeye abamenyeshamakuru.Gushikubu ako kagwi kateze umutego General Kararuza ntikaramenyekana nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’igisirikare. Mugabo intumbero yako yoyo irazwi.

Mu kiringo kidashika amezi abiri , ku mugwa mukuru Bujumbura hamaze kwicwa abasirikare batanu bo ku rwego rw’aba officiers. Nayo kuva mu kwezi kw’umunani umwaka uheze General Kararuza agize umusirikare wa kabiri wo ku rwego rwa General yishwe. General de brigade Athanase Kararuza yarigeze kuba icegera c’uwutwara ingabo za ONU zigarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique hagati y’ukwezi kwa cumi na kabiri 2013 n’ukwicenda 2015.

Ubu yari umujenama mukuru ajejwe ibibazo vy’umutekano n’ukwivuna abansi mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. We n’umutambukanyi wiwe basize impfuvyi zine.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi ni we yakurikiranye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:58 0:00

XS
SM
MD
LG