Uko wahagera

Gafyisi Asezeye Urunani Amazemwo Imyaka 20 Arusigiye Intsinzi Nyinshi


Elvis Hakizimana, (Ari hagati mu mpuzu z'ubururu) asezeye Urunani yakiniye imyaka 20
Elvis Hakizimana, (Ari hagati mu mpuzu z'ubururu) asezeye Urunani yakiniye imyaka 20

Umugwi w’Urunani ni wo watahukanye igikombe mw’ihiganwa ryatunganijwe n’ishirahamwe rya Basketball mu Burundi. Urunani rwatsinze Dynamo mu rukino rwa nyuma ku manota 95 kuri 73.

Urwo rukino rwa nyuma rwahuza Urunani na Dynamo, imigwi ikomeye mu Burundi rwatanguye Urunani rusumvya bimwe biboneka umugwi wa Dynamo. Iyo migwi yagiye kuruhuka Urunani rufise amanota 52 kuri 31.

Dynamo naho yagiye irinanata mu tundi duce tw’urukino yaruhiye gutsindwa. Umumenyereza wa Dynamo yemera ko barushijwe, asigura ko igisigaye ari ukwitegurira ihiganwa ry’Uburundi bwose rigiye gutangura mu mpera z'uku kwezi.

Umugwi w’Urunani watwaye igikombe waboneyeho gushimira ku mugaragaro kizigenza wawo, Elvis Hakizimana batazira Gafyisi yahagaritse gukina urwo rukino inyuma y’imyaka 20 akinira Urunani.

Umugwi wiwe wamuhaye agashimwe k’imodokari y’agaciro k’imiriyoni 15 mu mafaranga y’amarundi, ishirahamwe rya Basketball mu Burundi naryo rimwemerera igitoro azokoresha mu kiringo c’amezi atandatu. Elvis Hakizimana yamenyekanye kw'izina rya Gafyisi mu mupira w'amaboko asigiye instinzi nyinshi ekipe y'Urunani harimwo ibikombe bitatu vy'akarere ka gatanu muri Afurika. Ekipe y'Urunani iri mu za mbere zimaze igihe kinini zihagaze neza mu Burundi, ifise amamuko muri Karitiye ya Jabe i Bujumbura mu Burundi.

Inkuru ya Desire Hatungimana akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda

Abakunzi b'Urunani mu Munezero Inyuma yo Gutsinda Dynamo
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:32 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG