Uko wahagera

Gabriel Rufyiri,Umukuru wa OLUCOME Yarengukijwe mu Butungane


Gabriel Rufyiri yatangaje ku maradiyo, mu ndwi irangiye ko afise inkuru zivuga ko bamwe mu batwara umugambwe CNDD-FDD bariko barategura umugambi wo kugandagura abantu mirongo ine

Umukuru w'ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya reta Gabriel Rufyiri, yitavye umutahe w'umushikirizamanza wa repuburika mu gisagara ca Bujumbura, ku wa gatatu igenekerezo rya mirongo ibiri, ukwezi kwa kane. Gabriel Rufyiri yarabajijwe mu gihe c’amasaha ashika abiri,ku bijanye n'urutonde rw'abantu mirongo ine, bategerezwa kwicwa, rwateguwe n'umugambwe uri k'ubutegetsi.

Umushikirizamanza yasavye Gabriel Rufyiri kuzana ivyemezo vy'inkuru yatangaje ku maradiyo, mu ndwi irangiye. Uwuburanira Gabriel Rufyiri yabwiye abamenyeshamakuru ko bagiye kwegeranya ivyo basabwe kugira ngo bazobishikirize kw'isango ata tomoye.

Mu ndwi irangiye, Gabriel Rufyiri yatangaje ku maradiyo yigenga, ko afise inkuru zivuga ko bamwe mu batwara umugambwe CNDD-FDD bariko barategura umugambi wo kugandagura abantu mirongo ine, bitwa ko babangamira ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Umukuru wa OLUCOME avuga ko abo bantu ari abanyeporitike batavuga rumwe na reta, bamwe bakaba ari abatwara amashirahamwe yigenga, abandi nabo bakaba ari abamenyeshamakuru. Umugambwe CNDD-FDD nta vyinshi washimye kuvuga kuri iyo nkuru yatanzwe n'umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, ariko ugasaba ko ubutungane bwokurikirana Gabriel Rufyiri, kugira ngo ukuri kumenyekane. Imigenderanire hagati y'ishirahamwe OLUCOME na reta yagiye iratituka kubera amadosiye y’abanyonora amatungo ya reta OLUCOME yagiye irashira ahabona.

Imyaka ibiri iraheze icegera c'umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Ernest Manirumva agandaguwe,umukuru wa OLUCOME Gabriel Rufyiri akavuga ko yagandaguwe n'ubutegetsi. Amatohoza yagiye arakorwa yerekanye ko hariho bamwe mu baporisi bagize uruhara mur'urwo rupfu.

XS
SM
MD
LG