Uko wahagera

Gabon: Umushikiranganji w'Ubutungane yatanze imihoho


Imyiyerekano muri Gabon
Imyiyerekano muri Gabon

Seraphin Moundounga, umushikiranganji ajejwe Ubutungane mu gihugu ca Gabon yaraye atanze imihoho kur’uyu wa mbere. N’inyuma y’amatora y’Umukuru w’Igihugu aheruka gutsindigwa na Perezida Ali Bongo.

Moundounga yatangarije kw’iradiyo y’abafaransa, RFI, ko yafashe iyo ngingo kubera ko Reta idashobora gutunganiriza abanyagihugu ku bijanye n’amahoro.

Kur’uyu wa mbere, Jean Ping, yahiganwa na Ali Bongo mu matora y’Umukuru w’Igihugu, yari yahamagariye abanyagihugu kutaja ku mirimo yabo. Amaduka n’amabanki bikaba vyari vyuguruye. Abanyagihugu bavuga ko batigeze bumva ako kamo.

Ping avuga ko agiye gushikiriza Sentare ijejwe ibwirizwa shingiro muri Gabon, ivyemeza afise vyerekana kw’amatora yabayemwo ubunyonyezi.

Igihugu c’Ubufaransa catangaje kur’uyu wa mbere ko gitewe amakenga n’umutekano w’abanyagihugu baco bari muri Gabon, bivuye ku bantu batari bake bamaze gutabwa mu mvuto mur’iyi minsi.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pacome Moubelet Boubeya, avuga kw’abantu bashika ku 1000 bamaze gutabwa mu mvuto, abashika ku 800 bakaba ar’abo ku mugwa mukuru wa Gabon, i Libreville. Mwomenya kw’iyo migumuko yadutse inyuma y’aho batangarije ivyavuye mu matora, imaze guhitana abantu batatu.

XS
SM
MD
LG