Uko wahagera

Frodebu: Demokarasi Ndadaye Yaharanira Iracumbagira mu Burundi


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye n'umutambukanyi wiwe mu mihango yo kwibuka imyaka 28 iheze Prezida Ndadaye agandaguwe
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye n'umutambukanyi wiwe mu mihango yo kwibuka imyaka 28 iheze Prezida Ndadaye agandaguwe

Kuri uyu wa kane, Uburundi bwibutse imyaka 28 iheze Melchior Ndadaye, umukuru w'igihugu wa mbere w'Umuhutu yatowe biciye mu nzira ya demokarasi yishwe. Umugambwe wiwe Sahwanya Frodebu uvuga ko ivyiyumviro vyiwe bitaraja mu ngiro kuko hacibonekeza abantu bicwa, abafungirwa ubusa n'igiturire mu gihugu.

Umugambwe Frodebu usaba ko ivyo Nyakwigendera Ndadaye yaharanira bishirwa mu bitabo bikigishwa mu mashure. Abapfakazi b'abategetsi bapfanye nawe na bo bahamagarira Reta gushiraho itegeko ryerekana uko bofashwa n'impfuvyi zabo kuko na bo ari incungu za demokarasi nka Ndadaye.

Urupfu rwa Ndadaye rwakurikiwe n’ubwicanyi bwahitanye Abatutsi benshi barimwo abanyeshure barenga 150 biciwe ahitwa Kwibubu n’abarimu babo muri komine Giheta intara ya Gitega hagati na hagati mu gihugu c’Uburundi. Abandi basize ubuzima inyuma y'urwo rupfu ni Abahutu bishwe na bamwe mu bajejwe umutekano babahora abatutsi.

Kuva mu mwaka uheze Reta y'Uburundi yategetse ko abaja kubibuka batarenga 10. Lothaire Niyonkuru, umukuru wa AC Genocide Cirimoso yasavye Reta kureka abantu bakibuka ababo uko bavyifuza.

Mu mwaka uheze, sentare ntahinyuzwa y’Uburundi yahanishije ibihano vyo gufungwa imyaka 20 n’uwo guherayo abagabo 19 bagizwe n’abategetsi ba kera b’abasivire n’abasirikare barimwo nyakwigendera Perezida Pierre Buyoya babisikanije na Ndadaye ku butegetsi mu 1993.

Batanu bonyene mu basirikare b'aba coloneli baciriwe urwo rubanza bagirizwa kugira uruhara mw'igandagurwa rya Ndadaye ni bo bari ku butaka bw’Uburundi. Abahanywe bavuga ko bimwe uburenganzira bwo kwiregura basigura ko bafata ico gihano nk’uko atacabaye.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya, Eloge Willy Kaneza

Imiryango Yaburiye Ababo mu Kibimba Ntiyemerewe Kwibuka Ababo Yose
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:04 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG