Uko wahagera

Francois Hollande Yaratsinze Incuro ya kabiri y’Amatora y’Umukuru w’Igihugu mu Bufransa


Prezida Yatowe w'Ubufransa, Francois Hollande
Prezida Yatowe w'Ubufransa, Francois Hollande

Mur’iki gihe ibiharuro nka vyose vy’ayo matora yo mu ncuro igira kabiri, bimaze gushikirizwa, umushingantahe Hollande yaronse amajwi 52%, mu gihe umushingantahe Sarkozy, yaronse amajwi 48%.

Igihugu c’Ubufarfansa caraye kironse umupresident mushasha w’umusocialist Francois Hollande, yatsinze president Nicholas Sarckozy, mu matora yabaye ejo ku musi wa mungu.

Mur’iki gihe ibiharuro nka vyose vy’ayo matora yo mu ncuro igira kabiri, bimaze gushikirizwa, umushingantahe Hollande yaronse amajwi 52%, mu gihe umushingantahe Sarkozy, yaronse amajwi 48%.

Umushinganthe Sarkozy yaciye atelephone uyo mutegetsi yamutsinze, araheza aremera ko yarushijwe.

AbaFaransa ngo barashavujwe n’igitigiri c’ubushomeri kiri hejuru cane, kandi ngo nti bari bagikunda intwaro y’umushingantahe Sarkozy.

Umushingantahe Hollande agiye kuba umupresident wa mbere wo mu mugambwe wo mu bubamfu, atwaye igihugu c’Ubufaransa, mu myaka 20 iheze.

Yamereye kw’azoca yihuta mu gushira mu ngiro imigambi y’abasocialiste hamwe n’amatagisi menshi ku batunzi, kugira ngo arabe kw’ubutunzi bwokwisununura.

Afise umugambi kandi wo gusubiramwo amasezerano y’ibihugu vyo mw’ishirahamwe ry’ibulaya, yerekeye ubutunzi, igihe azobonanira na Chancelier w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel.

Presidence ya Amerika yatangaje ko president Barack Obama yatelephonye umushingantahe Hollande kugira amukeze. Yaramutumiye kandi kuza muri presidence ya Amerika imbere y’uko aza mu nama y’ibihugu vyo kw’isi bikomeye umunani n’ishirahamwe Otan, izobera muri reta zunze ubumwe za amerika mu mpera z’uku kwezi.

XS
SM
MD
LG