Uko wahagera

Ubufaransa: Francois Fillon Yatsindiye Amatora y'Ibanze


Francois Fillon yahoze ar'Umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa.
Francois Fillon yahoze ar'Umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa.

Francois Fillon, yahoze ar’Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa yatahukanye intsinzi mu matora y’ibanze, aho yahiganwa na Alain Jupe, nawe nyene yahoze ar’Umushikiranganji wa mbere.

Francois Fillon akaba yatahukanye amajwi ashika ku bice mirongo itandatu n'umunani kw’ijana, Alain Jupe bahiganwa atahukana ibice mirongo itatu na bibiri kw’ijana. Intsinzi ya Fillon ikaba ar’iyimuha uburenganzira bwo guhiganigwa ikibanza c’Umukuru w’Igihugu, mu matora ategekanya kuba mu mwaka uza.

Mur’iryo higanwa, binuganugwa ko azorihuriramwo na Marine Le Pen arongoye extreme droite. Nayo Prezida Francois Hollande, agiye guheza ikiringo ciwe c’Umukuru w’Igihugu akaba ataramenyesha nimba ategekanya gusubira kwitoza.

XS
SM
MD
LG