Uko wahagera

Edouard Philippe Niwe Mushikiranganji wa Mbere w'Ubufaransa


Perezida mushasha w’igihugu c’Ubufaransa, Emmanuel Macron yagenye Edouard Philippe mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere.

Phillipe, afise imyaka 46 muri iki gihe, n’umushingamateka akongera akaba ayoboye igisagara ca Le Havre. Phillipe n’umuntu atari intagondwa mu vyiyumviro vya politike mu mugambwe, Parti Republicain.

Igenwa ryiwe ribaye umusi umwe inyuma yuko Macron ashikiye icese amabanga ya perezida mu birori vy’ukurahira vyabaye ku musi w’Imana.

Macron, afise imyaka 39 muri iki gihe, niwe muntu abaye perezida akiri mutoyi cane mu myaka mu mateka y’igihugu c’Ubufransa inyuma ya Napoleon Bonaparte.

Mw’ijambo ryiwe ry’ukurahira, Macron yiyemeje gusubiza Ubufaransa ikibanza cabwo mu karere k’i Bulaya nao mu makungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG