Uko wahagera

Ubufransa Bubandanya Kwemeza ko Hari Abacangero b'Abarusiya muri Mali


Bamwe mu bacangero b'Abarusiya bafashwe ifoto n'abasirikare ba Ukraine bari. Ikibanza abacangero b'Uburusiya barimwo nticigeze gitangazwa.
Bamwe mu bacangero b'Abarusiya bafashwe ifoto n'abasirikare ba Ukraine bari. Ikibanza abacangero b'Uburusiya barimwo nticigeze gitangazwa.

Ubufaransa butangaza ko abacangero b'abarusiya bari hagati y'amajana atatu n'amajana ane bariko bakorera mu gihugu ca Mali. Ivyo bigamije kubeshyuza ivyo abategetsi b’abasirikare bayoboye Mali batangaza vy’uko ari abamenyereza mu vya gisirikare b’abarusiya bonyene baje bazanye ibikoreshso vya gisirikare babivanye mu gihugu cabo.

Ibindi bihugu vyo mu burengero bwa Afrika vyarugaye imbibe zavyo na Mali, birahaganika imigenderanire n’ico gihugu vyongera biragaifatira ibihano mu vy’ubutunzi. Hari mu ntumbero y’ukwishura kw’itebeshwa ry’ukugirisha amatora mu gihugu inyuma ya kudera yabaye mu mwaka w’i 2020. Yari inyishu kandi inyuma yuko abacangero b’umurwi, Wagner, wo mu burusiya bashitse muri ico gihugu.

Umutegetsi w’Umufransa atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yamenyesheje ko abacangero b’abarusiya barungitswe hamwe n’inteko za Mali mu gice co hagati mu gihugu. Umuryango w’ibihugu vy’Ubulaya warafatiye ibihano umurwi, Wagner mu kuwagiriza ko ukorera inyungu za Reta y’Uburusiya mu mpisho. Yamara prezida w’ico gihugu, Vladimir Putin, avuga ko uwo murwi udaserukira reta y’igihugu ciwe. Amenyesha ko yamara ufise uburenganzira bw’ugukorera aho ari ho hose kw’isi mu gihe utarenze ku mategeko y’Uburusiya.

Ubufransa, bufise inteko ibihumbi n’ibihumbi ziriko zirwanya intagondwa z’abayislamu mu karere ka Sahel, buriyamiriza ugushika kw’abo bacangero b’abarusiya muri Mali. Bumenyesha ko ingingo nk’iyo iciye kubiri n’ukuba inteko zayo ziri muri ico gihugu. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG