Uko wahagera

Igabanuka ry’Umwimbu w'Ibifungurwa mu Burundi


Kuva mu mwaka w'i 1993, umwimbu w'ibifungurwa mu Burundi ngo umaze kugabanuka ibice mirongo ine kw'ijana

Ishirahamwe FAO ritangaza ko umwimbu w'ibifungurwa mu Burundi wagabanutse ibice mirongo ine kw'ijana. Ishami mpuzamakungu rijejwe imigambi y’uburimyi, ryatangaje mu nama yahuje abahinga ba reta na FAO mu vy’uburimyi, mu ntango z'iyi ndwi i Bujumbura, ko kuva mu mwaka w'i 1993, umwimbu w'ibifungurwa umaze kugabanuka ibice mirongo ine kw'ijana. Abategetsi ba FAO bavuga ko mu gihe atacokogwa, abarundi bashobora kubangamirwa n'inzara mu myaka iri imbere. Mur'iyo nama FAO yamenyesheje ko itegekanya gutanga imiriyoni mirongo itandatu n'imwe z'amadorari mu mwaka wi 2011, azokoreshwa mu gisata c'uburimyi.

Gerard Rusuku, umuhinga mu vy'uburimyi kandi yigisha mw’ishure kaminuza y'Uburundi, ari kumwe n'abahinga ba FAO bateguye inama yerekeye imigamb y’uburimyi, asigura ko imvo nyamukuru zatumye umwimbu usubira inyuma ari intambara. Avuga ko vyose vyatanguye mu 1993, aho intambara yari ikomeye cane mu Burundi. Imvo yindi ngo n'uko imigambi y'uburimyi yagiye igabanuka,abarundi nabo bakadebukirwa mu kurima. Poritike yo kuvyara ku rugero nti yakurikijwe. Reta y'Uburundi iri mu bintu bitorohereje igisata c'uburimyi kuko ngo yategekanya ibice bibiri kw'ijana vy'amafaranga ico gisata gikoresha ku mwaka.

Gerard Ndabemeye, umuyobozi mukuru ajejwe imigambi y'uburimyi yari mu baremesha inama, yatangaje ko reta igiye kuduza amafaranga agenewe uburimyi ave ku bice bibiri kw'ijana aje ku bice indwi kw'ijana vy'amafaranga reta ikoresha. Kuvyara k'urugero ngo ni ikorwa kigiye gukomezwa kuko ngo abarundi babandanije biyongera cane mu gihe isi nayo yabandanije yaga.

XS
SM
MD
LG