Uko wahagera

Umusirikare w’Ipete ya Majoro Yahora Muri FNL Yarataye Akazi Adasezeye


Majoro Nzabampema, umusirikare yahora mu mugwi FNL yarataye akazi Adasezeye. Agiye akurikira Rwasa Agathon umukuru w'umugambwe FNL.

Kur'uyu wa mbere igenekerezo rya 13 ukwezi kw'icenda 2010, umuvugizi w’ugwego gwa gisirikare mu Burundi yatanganje ku maradiyo akorera i Bujumbura ko umusoda w'ipete ya Majoro yahora mu mugwi w'abagwanyi ba FNL yataye akazi kuva kw'igenekerezo rya 3 ry’uku kwezi kw’icenda. Ugweg gwa gisirikare mu Burundi ngo rindiriye ko imisi umunani itegekanijwe n'amategeko irangira, kugira ngo umusirikare atari ku kazi yitwe ko atakiri muri ugwo gwego nk'uko bisigurwa na koroneri Gaspard Baratuza.

Uwo mu Majoro azwi kw'izina rya Nzabampema, gushika ubu nta wuzi irengero ryiwe. Yahora ari icegera c'umukuru w'intwaramiheto zirwanira hasi. Umuvugizi w'ugwego gwa gisirikare, Koroneri Baratuza avuga ko kubona agenda ari ibintu bisanzwe, ariko ngo igiteye amakenga ngo n'uko atawuzi icatumye agenda, n'iyo yagiye. Kuva kur'uyu wa kabiri igisoda ngo kigiye gusaka mu muryango w'uwo musirikare, kirondera ibikoresho vyari vyahawe Majoro Nzabampema.

Majoro Nzabampema yataye akazi mu gihe inkuru nyinshi zari zimaze hafi ukwezi zivuga ko haari abasirikare bariko baragenda kwinjira mu mugwi mushasha w'abagwanyi ugiye gutangura kugwanya ubutegetsi bwa Perezida Nkurunziza. Izo nkuru zirabeshuzwa na reta ariko abanyagihugu begereye amashamba ya Kibira na Rukoko avugwamwo abo bagwanyi, baremeza ko abantu bitwaje ibigwanisho bakorera mur'ayo mashamba mu gutoza amafaranga no kwegeranya ibiribwa. Inkuru zitemezwa n'abo zerekeye zivuga ko abo bagwanyi bashobora kuba bashigikiwe n'abanyamigambwe batemeye ivyavuye mu matora yo mu makomine yo mu kwezi kwa gatanu. Majoro Nzabampema agiye akurikira Rwasa Agathon umukuru w'umugambwe FNL.

XS
SM
MD
LG