Uko wahagera

Filipine: Abatazorwanya COVID-19 Bazofungirwa mu Nzu z'Imbwa


Ifoto Ishushanya uburaro bw'imbwa
Ifoto Ishushanya uburaro bw'imbwa

Igihugu ca Filipine catangaje ko kigiye mu bihe bidasanzwe birimwo ihagarikwa ry’uruja n'uruza urwa ari rwo rwose. Ni mu gihe ico gihugu cari gisanzwe kiri mu bihe bitoroshe vy'intambara.

Iryo tegeko ryahaye Reta ububasha bwo gufata ingingo zikomeye zijanye no kugwanya ikiza ca Corona. Muri izo ngingo harimwo gupfungira mu nyubakwa zagenewe kubamwo imbwa, abantu batazokurikiza amabwirizwa yo kuguma mu mihana yabo.

Abashingamateka ba Filipine batoye iryo tegeko ku musi wa kabiri, gurtyo baba bahaye ububasha Perezida Rodrigo Duterte gutegeka amavuriro yigenga, ubwato butandukanye, uguha abaganga aho baba n'uburyo bwo kwiyuguruza, hamwe no guha imiryango amafaranga yo kwifashisha.

Reta ya Philipine ibaye iya mbere mu bihugu vyo muri Aziya yo mu bumanuko ifashe ingingo ikaze nk’iyo yo guhagarika uruja n'uruza urwo ari rwo rwose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG