Uko wahagera

Facebook Yagirizwa Kudakingira Abakoresha Urubuga Rwayo


Frances Haugen yahoze akorera Facebook
Frances Haugen yahoze akorera Facebook

Umukuru w'umurwi ujejwe ivyerekeye ubucuruzi mu nama nkenguzamateka y'Amerika avuga ko ivyagiriji vyashikirijwe n'umukozi yahoze akorera urubuga rwa, Facebook, vyotegerezwa gutohozwa n'abajejwe gukwirikirana ukugene urwo rubuga rukora. 

Abakenguzamateka b'Amerika bifatiye mu gahanga ishirahamwe, Facebook uno musi ku wa kabiri. Bagirije umuyobozi mukuru waryo, Mark Zuckerberg, ko yarondeye kuronka inyungu nyinshi mu gihe yihojeje ivyerekeye gunkingira abakoresha imihora yaryo.

Basavye ko abajejwe gukwirikirana ukugene iryo shirahamwe rikora batohoza ivyagiriji vya Frances Haugen yahoze arikorera vy’uko rigeramira abana, rigakokeza indyane, rikongera rigahungabanya demokrasi.

Haugen yishuye uno musi ku wa kabiri ibibazo vy’abasenateri bagize umurwi w’inama nkenguzamateka ujejwe ivyerekeye ubucuruzi. Abakenguzamateka bagize uwo murwi bo mu migambwe yompi uko ari ibiri bumvikanye ku kamaro k'uko ibintu vyohinduka bikomeye cane mw’ishirahamwe Facebook.

Uwuyoboye uwo murwi, Senateri Richard Blumenthal, umudemokrate, yatangaje ko Facebook yari izi ko ibishirwa ku mbuga zayo bituma abakiri bato n’abandi bose batazivako. Avuga ko igihe c’ukuri kuri iryo shirahamwe cageze.

Yasavye ko umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe, Mark Zuckerberg, aseruka imbere y’umurwi ayoboye kugira yishure ibibazo hamwe n’uko inzego zijejwe gukwirikirana ukugene amashirahamwe akora imirimo y’ubudandaji zitohoza iryo shirahamwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG