Uko wahagera

Facebook Izobandanya Kwugara Imbuga za Donald Trump


Abari bashyigikiye Donald Trump wahoze ari perezida w'Amerika bateza imyigaragambyo ku ngoro y'inteko ishinga amategeko y'Amerika mu ntangiriro z'uyu mwaka. Donald Trump yabatumyeho akoresheje imbuga nkoranyambaga
Abari bashyigikiye Donald Trump wahoze ari perezida w'Amerika bateza imyigaragambyo ku ngoro y'inteko ishinga amategeko y'Amerika mu ntangiriro z'uyu mwaka. Donald Trump yabatumyeho akoresheje imbuga nkoranyambaga

Facebook yagumijeho ingingo yo kwugara imbuga z’uwahoze ari Prezida wa reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump. Abahinga bariko biga niba Trump yotezurirwa canke atotezurirwa, basiguye ko baravye uburemere bw’ico bise amajambo agumura Trump yacishije ku mbuga ziwe n’ingaruka vyari kugira iyo abandanya abikora, Facebook ata kosa yakoze mu kuzugara.

Abo bahinga bigenga bagizwe n’abaharanira agateka ka zina muntu, abashakashatsi n’abemenyeshamakuru bavuze ko naho biri uko yamara, Facebook yari ikwiye gusubira kumuha uburenganzira bwo kwongera kuzikoresha kuko basanga kumugumiza mu bihano bidakwiye. Umurwi w’abo bahinga wahaye amezi atandatu sosiyete ya Facebook yo gusubira kwiga ku ngingo yabo, gutyo agatezurirwa. Uburungozi bwa facebook bwishuye buvuga ko buzokwihweza ivyo uwo murwi usaba, hama bugafata ingingo ibereye.

Ntaco Trump aravuga ku mugaragaro ku vyashikirijwe n’izi mpande zibiri. Ejo ariko, uwo yahoze atwara Amerika yatanguje urubuga rwiwe bwite yise “From the Desk of Donald J. Trump.” Urwo rubuga azoshobora kurucishako ubutumwa butandukanye hama ababusoma nabo bashobore kubusangiza abandi ku mbuga nka Facebook, Twitter na YouTube.

Facebook yugaye imbuga za Trump mu ntango z’ukwezi kwa mbere uno mwaka, mu gihe hariko haba imihango itandukanye yo guhererekana ubutegetsi hagati ya we na Joe Biden. Facebook ihagarika imbuga ziwe, yamwagirije ko ubutumwa yacishije kuri izo mbuga bwateye inguvu abagavye igitero ahakorera inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Amerika, igenekerezo rya 6 z’ukwa mbere. Ico gihe muravyibuka, congress y’Amerika yariko yemeza intsinzi ya Joe Biden. Ico gitero cahitanye n’imiburiburi abantu batanu, gikomerekeramwo abarenga ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG