Uko wahagera

Abimukira bo Muri Turukiya mu Bugereki


Mu gihe igihugu ca Turukiya cariko kiritegurira izindi mpunzi zaco birukanywe mu gihugu c’Ubugereki ku ncuro igira kabiri, abategetsi bo mw’ishirahamwe rya Bulaya,ku wa gatatu, batangaje kw’ata mpunzi zizosubira kwirukanwa ikivunge, imbere y’uko zihabwa akaryo ko gusaba ubuhungiro.

Ishirahamwe rya Bulaya ritangaje iyo ngingo inyuma y’aho amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu, yareze ibihugu vyo kuri uwo mugabane ko vyimye abo banyagihugu uburenganzira ntayegayezwa bwo kwaka ubuhungiro. Aya mashyirahamwe yariyamirije uyo mugambi wo gusubiza inyuma izo mpunzi.

Abategetsi bo mu bihugu vya Bulaya bariko baragerageza guhumuriza ayo mashiramwe mu gutorera inyishu ibibazo bijanye n’ukwakira izo mpunzi, birimwo ibirego bivuga kw’ ugutanga ubuhungiro, bidakorwa ku mugaragaro kandi bidakwirikiza amategeko. Bavuga kandi kw’abimukira 1000 bamaze gutangaza ko bashaka gusaba ubuhungiro.

Kuva ku musi wa kane, abategetsi bazohora bihweza amadosiye ashika 50 ku musi yo gusaba ubuhungiro.

Abategetsi bo mu gihugu c’Ubugereki, bavuga kw’abimukira bari hagati y’300 n’400, bahashika ku musi bavuye muri Turukiya.

XS
SM
MD
LG