Uko wahagera

Etiyopiya Yataye mu Mvuto Abandi Banyatrigreya Barimwo Abana


Zimwe mu Mpunzi z'abanyatigreya babandanya guhunga EtIyopiya

Etiyopiya yataye mu mvuto abandi banyatrigreya barimwo abana. Umwe mu batawe mu mvuto yavuganye n’itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika hakoreshejwe itelefone ihishijwe, yaravuze uburyo buteye agahinda, abasirikare b’abanyatigreya barenga 700 n’imiryango yabo bapfungiwemwo mw’ikambi ya Etiyopiya iri mu ntara ya Oromiya.

Yamenyesheje ko 2 mu bapfunzwe bapfuye inyuma y’uko bakubiswe, uwundi yapfuye kubera kubura imiti ku ndwara yari asanganywe. Atangaza ko babita ko ari ingwara y’akaranda ya cancer, ko kubera izo mvo bazobazimanganya. Uwo muntu avuga kandi ko bagabisha kubarasa bose mu gihe hohirahira n’umwe muri bo agerageza gutoroka, kandi ko abapfungwa bashasha babandanya gushika.

Ivyo uwo Muntu yatangaje ntivyashoboye gusuzumwa mu gihe abategetsi ba Etiyopiya bankiye itangazamakuru gushika mu bibanza abo bantu bapfungiwemwo. Ntabwo ari abasirikare bonyene, abanyatigreya basanzwe ibihumbi n’ibihumbi baratotejwe.

Raporo nshasha y’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu kw’isi, Human Rights Watch, yagiye ahabona uno musi ku wa gatatu, itangaza ko abategetsi ba Etiyopiya bahagaritse abanyatigreya ikivunga mu buryo butubahirije amategeko mu gihe abandi bazimanganye ku murwa mukuru, Addis Abeba kuva mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka. Iryo shirahamwe risaba reta guhagarika bidatevye gutoteza abantu bifatiye ku bwoko bwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG