Reta ya Etiyopiya yatangaje uno musi ku wa mbere ko inteko z'umutwe wa TPLF wo mu ntara ya Tigreya zishe imiyabaga 100 mu gisagara ca Kombolcha, kimwe mu bisagara izo nteko zivuga ko zafashe mu mpera z'iyi ndwi.
Urwego rujejwe gutangaza amakuru rwa reta rumenyesha ko inteko z’intara ya Tigreya zishe abakiri bato barenga 100 muri ico gisagara mu bice vyaco zinjiyemwo. Rutangaza ko amakungu atokwihoza ubwicanyi bukabije nk’ubwo. Ntaco umuvugizi w’umugambwe uyoboye intara ya Tigreya, Tigray People’s Liberation Front, Gatechew Reda yavuze buno nyene kuri ivyo vyagirizo mu gitondo c’uno musi ku wa mbere.
Ku musi w’Imana, Gatechew Reda yatangaje ko abarwanyi ba TPLF bateye baja mu bumanuko bw’intara ya Tigreya bagana igisagara ca Kombolcha n’ikibuga c’ikege caho. Hamwe ayo makuru yokwemezwa, inteko za Tigreya zoba zitari kure cane y’umurwa mukuru wa Etiyopiya, Addis Abeba. Bwoba bubaye ubwa mbere zigera hafi y’umurwa mukuru kuva zinjiye mu ntara ya Amhara mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka w’i 2021.
Ico gihe umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yahamagariye abanyagihugu bose guhagaruka kugira bazimanganye inteko za TPLF. Mu gitondo c’uno musi ku wa mbere, umushikiranganjzi ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Anthony Blinken yatangaje ko atewe impungenge bikomeye n’amakuru avuga ko inteko za Tigreya zafashe igisagara ca Kombolcha hamwe n’igisagara ca Dessie kiri hafi yahoo izo nteko zivuga ko zafashe ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije. Yasavye impande zose guhagarika ibikorwa vya gisirikare zigatangura ibiganiro ata bibanje gusabwa imbere yaho.
Facebook Forum