Uko wahagera

Etiyopiya Yagavye Ibitero vy'Indege ku Murwa Mukuru wa Tigreya


Ikarata y'aho Tigray Iherereye
Ikarata y'aho Tigray Iherereye

Ababonye ivyabaye bavuga ko ibitero vy'indege z'ingwano za Reta ya Etiyopiya vyakozwe ku murwa mukuru w'intara ya Tigreya, Mekelle, bihitana abantu batari musi ya 3.

Ivyo bitero, vyabaye uno musi ku wa mbere vyemejwe n’abagiraneza 2, bibaye imisi mikeyi, inyuma yuko Reta ya Etiyopiya itanguye ibitero bishasha ku nteko z’intara ya Tigreya.

Intambara ku murwa mukuru wa Tigreya, Mekelle, yari yahagaze kuva mu kwezi kwa gatandatu, igihe inteko zo muri iyo ntara zasubira kwigarurira ibice bitari bike vyayo, inteko za reta ya Etiyopiya zirahava.

Kuva ico gihe, inteko za reta zasavye abanyagihugu bose babishoboye kuzimanganya abarwanyi bo muri Tigreya. Abantu ibihumbi n’ibihumbi baramaze kuhasiga ubuzima kuva ingwano itanguye harashize hafi umwaka.

Kindeya Gebrehiwot, uvugira abategetsi b’intara ya Tigreya, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ko indege z’ingwano za reta zateye amabombe kw’isoko riri mu gisagara ca Mekelle ku musi riba ririmwo uruja n’uruza rw’abantu rukomeye. Yemeje ko abantu batari bake bakomeretse.

Uburyo bw’uguhanahana amakuru muri iyo ntara no mu bindi bice biriko biberamwo ingwano mu ntara bihana imbibe za Amhara na Afar bwarugawe. Bikaba bituma kumenya amakuru y’ukuri y’ibibera muri iyo ntara bitoroha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG