Muri Etiyopiya abanyagihu bafashwe batambaye udufukamunwa bashobora guhanishwa umunyororo w’imyaka ibiri. Iyo ngingo ifise intumbero yo kugabanya ikwiragira ry’ikiza c’umugera wa Corona nk’uko bitangazwa n’ibiro vy’umushikirizamanza mukuru w’igihugu. Yafashwe kubera impungenge ko abanyagihugu bariko baradebukirwa ku vyerekeye kwambara udufukamunwa inyuma y’aho amategeko yo mu bihe bidasanzwe akuriwe.
Iyo ngingo ivuga ko umuntu wese azorenga ku mabwirizwa ya reta ajanye no kwirinda ikwiragira rya Covid-19, azotangishwa ihabadu akanafungwa ikiringo c’imyaka ibiri. Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Etiyopiya, Lia Tadesse, yatangaje uno musi ku wa kane ko abanyagihugu bariko bigenza muri iki gihe nk’uko umengo nta Covid-19 ikihari, mu kutabandanya gufata ingingo zikenewe z’ukuyirinda. Yamenyesheje ko iyo nyifato ishobora gutuma ibitigiri vy’abayandura vyiyongera mu bishobora kugeramira igihugu.
Reta ya Etiyopiya yatangaje amategeko yo mu bihe bidasanzwe mu kwezi kwa kane mu ntumbero y’ukugabanya ikwiragira rya Covid-19. Ayo mategekeo yakuweho mu kwezi kw’icenda. Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu butangaza ko gushika ubu, abantu 91,118 ari bo bamaze kwadura umugera wa Corona, 1,384 nabo bahitanywe n’ico kiza, mu gihe 44,505 bamaze gukira.
Facebook Forum