Uko wahagera

Etiyopiya na Sudani Ntibihuriza ku Muti w'Umutekano Muke ku Mbibe


Ikarata ya Etiyopiya na Sudani
Ikarata ya Etiyopiya na Sudani

Igihugu ca Etiyopiya kivuga ko ikibazo c' ubwicanyi buheruka kuba k’umupaka na Sudani gikwiye gutoregwa umuti mu nzira z’ibiganiro. Yamara igisirikare c’igihugu ca Sudani co kivuga ko hakwiye kurungikwayo akagwi kagizwe n’abasirikare b’ivyo bihugu vyompi bagacungera umutekano w'ako karere. Ico gitero gikekwa kuba caragizwe n’abagwanyi bashigikiwe na reta ya Ethiopia.

Igisirikare ca Sudani gitangaza ko igitero cagizwe mu karere ko mu buseruko bw'igihugu mu ntara ya al-Qadarif ku musi wa kane, cahitanye umusirikare umwe wabo n’umwana muto, gikomertsa uwundi musirikare, n’abanyagihugu batatu.

Umuvugizi w’igisirikare ca Sudani asaba igisirikare ca Etiyopiya guhagarika gushigikira abo bagwanyi kandi bakareka kubaha inzira yo kwinjira k’ubutaka bwa Sudani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG