Uko wahagera

Etiyopiya Izokoresha Amatora y’Abashingamateka mu 2021


Inyubako y'Inama Nshingamateka ya Etiyopiya
Inyubako y'Inama Nshingamateka ya Etiyopiya

Amatora y'Abashingameteka muri Etiyopiya azoba kw’italiki 5 y’ukwezi kwa gatandatu mu mwaka uza w’i 2021. Ivyo vyatangajwe n’urwego rw’igihugu rujejwe amatora uno musi ku wa gatanu.

Ni mu gihe umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed ariko agerageza guhagarika uruhagarara rufatiye kuri poilitike n’ubwoko mu ntara zitari nke mu gihugu.

Umugambwe wiwe, “Prosperity Party” yashinze mu mwaka uheze, uhanganye n’ibibazo vy’imigambwe ifatiye ku bwoko iriko irondera ubukomezi busumbirije mu ntara irimwo.

Etiyopiya ifise reta yo ku rwego rw’igihugu n’amareta 10 yo ku rwego rw’intara, nyinshi muri zo zifitaniye ibibazo ku mbibe zisangiye.

Urwego rw’igihugu rujejwe amatora rumenyesha ko ikirangamisi c’amatora yo mu mwaka uza kitarimwo amatora yo mu ntara ya Tigre. Rutangaza ko ruzomenyesha italiki azoberako igihe reta mfatakibanza yashizweho mu gihe c’ingwano izoba yerekanye ko ishobora gufasha ku bijanye n’iyugururwa ry’ibiro vy’amatora muri iyo ntara.

Igikorwa co kwandikisha abazokwitoza kizoba hagati y’itariki ya mbere n’iya 30 z’ukwezi kwa gatatu mu

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG