Uko wahagera

Etiyopiya Isaba Amakungu Kutivanga mu Matati yo mu Ntara ya Tigre


Ministri w'Intebe wa Etiyopiya Abiy Ahmed
Ministri w'Intebe wa Etiyopiya Abiy Ahmed

Etiyopiya isaba amakungu "kutivanga"  mu matati yugarije intara ya Tigray. Umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Abiy Ahmed yavuze ko igihugu ciwe gifise uburenganzira bwo kwigenga mu gushiraho amategeko akigenga asaba amakungu kubahiriza ico yise amategeko mpuzamakungu yo kutivanga mu vy’ibihugu.

Mu itangazo yasohoye, Abiy Ahmed yavuze ko Reta yiwe ishima abarajwe ishinga n’ikibazo c’umutekano muke kibandanya kuvugwa mu ntara ya Tigray, ariko ko uko biri kose Etiyopiya ifise ubushobozi bwo gutorera umuti iki kibazo atawe irinze kuzerako inze.

Abiy Ahmed yiyamye amakungu mu gihe ikiringo c’amasaha 72 yari yahaye abagize umugambwe, TPLF, uri ku butegetsi mu muri iyo ntara ya Tigray, ngo babe bamanitse amaboko gihera uno munsi mw’ijoro ku masaha ya Etiyopiya. Indongozi z’uwo mugambwe ako kamo twibutse ko zakamiriye kure.

Hagati aho, Umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya wagabishije ko umutekano muke uri mu ntara ya Tigray wamaze kugira ingaruka mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Uwujejwe ivy’imigenderanire muri uwo muryango ari we Josep Borrell, yasavye ashimitse ko ingwano ihagarara, abakeneye gufashwa bikoroha ko baronswa imfashanyo.

Ikibazo c’umutekano muke mu ntara ya Tigray gitegwa ahanini n’iyo ntara iri mu zigize Etiyopiya ariko igashaka kwigenga. Kuva caduka haraheze hafi indwi zitatu, kimaze guhitana abaharurwa mu majana comora mu zabo abarenga ibihumbi 40 bahungiye ahanini muri Sudani

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG