Uko wahagera

Etiyopiya Iramutswa Reta Nshasha


Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya ariko ararahirira manda ya kabiri
Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya ariko ararahirira manda ya kabiri

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yarahinduye reta, agumiza umushikiranganji ajejwe ikigega n’ujejwe imigenderanire muri reta nshasha.

Yamara yahinduye abashikiranganji mu bindi bibanza aho yashizemwo abayoboye imigambwe mitomito. Asnake Kefale, yigisha ivyerekeye politike muri kamininuza, “Addis Ababa University” avuga ko reta ya Abiy Ahmed ari akigoro k’ugushiraho urunani. Amenyesha ko vyerekana ugushaka kwiwe kwo gushiraho reta atawe ikumira.

Reta ya Abiy Ahmed yatsinze amatora yo mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka n’amajwi menshi cane.Yabwiye inama nshingamateka ko naho afise ivyo adahuriyeko n’abayoboye imigambwe itavuga rumwe na reta, botegerezwa gukorera hamwe. Amenyesha ko bizofasha imigambwe yabo muri kazoza.

Ingwano mu ntara ya Tigreya ni kimwe mu bibazo bitari bike reta nshasha yiwe izotegerezwa kwicarira. Ubutunzi bw’igihugu bwigeze kuba ari bumwe mu bwiyongera ningoga cane mu karere ka Afrika mu kiringo c’imyaka cumi, busa n’uburiko burazama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG