Uko wahagera

Ellen Johnson Sirleaf Yatahukanye Agashimwe ka Mo Ibrahim


Uwahoze ari Perezida wa Liberiya Ellen Johnson Sirleaf
Uwahoze ari Perezida wa Liberiya Ellen Johnson Sirleaf

Uwahoze ari Perezida wa Liberiya, Ellen Johnson Sirleaf yatahukanye agashimwe ka miriyoni zitanu z’amadolari kitiriwe MO Ibrahim.

Agashimwe Mo Ibrahim, gahabwa umukuru w’igihugu muri Afrika yakinjuye ku butegetsi yubahirije ibiringo asabwa n’amategeko, akongera akaba yararanzwe n’ubutwari akiri ku butegetsi.

Ikigo citiriwe Mo Ibrahim gifise icicaro i Londres mu Bwongereza, casiguye ko Madame Sirleaf mu myaka cumi n’ibiri yamaze ku butegetsi, yasanasanye igihugu, anywanisha abanyeriberiya bari barasinzikajwe n’intambara.

Hari haheze imyaka ine agashimwe Mo Ibrahim, ata mutegetsi agahawe ku mvo z’uko ata wakwije ibisabwa kugira gatangwe nk’uko ikigo MO Ibrahim kibitegekanya.

Madame Ellen Johnson Sirleaf, yavuye ku butegetsi mu kwezi kwa mbere uyu mwaka wa 2018 biciye mu matora ya mbere yatunganijwe muri demokarasi kuva mu mwaka 1944. Ni we mupfasoni wa mbere yabaye perezida muri Afurika.

Uretse imiriyoni zitanu zihabwa uwutsindiye agashimwe MO Ibrahim, ku mwaka ku mwaka araronswa amadolari ibihumbi 200 ubuzima bwiwe bwose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG