Uko wahagera

Ekleziya Katorika muri Malawi Yipfuza Impinduka z'Indongozi


Ekleziya Katolika muri Malawi ihamagarira abanyagihugu kuzotora umutegetsi atari Perezida Peter Mutharika.

Mw'ikete inama nkuru y'abepiskopi Katorika bo muri Malawi barungikiye abanyagihugu, basiguye ko mu matora ategekanijwe mu kwezi kw'indwi, abanyagihugu bafise guhitamwo hagati y'ibintu bibiri: Kuvana mu kaga igihugu cabo canke kukigumiza mu kaga bemeje ko kirimwo. Ivyo bakaba bavuze ko ata yindi nzira yo kubishikako atari guhindura uburongozi.

Muri iryo kete, abo b'Episkopi bavuze ko batigeze bishimira ingene abanyagihugu batobato, abatishoboye n'abari mu mirwi yindi ibangamiwe bakomeje gufatwa muri ico gihugu. Ubukene bwariyongereye muri banyarucari, akarwi ka bake banunuza na duke twofashije ba ntaho nikora nkuko babandanya bavyemeza.

Umutegetsi abo b'Episkopi bavuga ko bipfuza, ni uwuzoshobora kurengera inryane zifatiye ku moko, ubudasa bw'ivyiyumviro vya politike, yubahiriza ingendo zose za demokarasi, atigungana ubutegetsi, agatwarira bose.

Ekleziya Katorika muri Malawi iryo ivuze abenshi barifata nka nkama. Mu 1992, ikete ryayo ryasaba impinduka rifatwa nk'imwe mu mbarutso yatanguje demokarasi muri ico gihugu. Mu matora ategekanijwe mu mpera z'ukwezi kw'indwi, Perezida Peter Mutharika azoba ahanganye n'icegera ciwe Saulos Chilima.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG