Uko wahagera

Ejo Abanyamerika Baributse Italiki ya 11 y’Ukwezi kw’Icenda


Ejo Abanyamerika Baributse Italiki ya 11 y’Ukwezi kw’Icenda
Ejo Abanyamerika Baributse Italiki ya 11 y’Ukwezi kw’Icenda

Abanyamerika barahuye kugira bibuke amabi yabashikiye kw’italiki 11 z’ukwezi kw’icenda mu mwaka w’2001, biciye mu muziki, ibisabisho, ubutumwa n’iihe vy’agacerere.

Ku cibutso giherutse kwubakwa mu gisagara ca New York aho inyubakwa zibiri zagirigwamwo imiromo y’ubudandaji, World Trade Center zigeze kuba zihagaze, amazina y’abapfuye kw’italiki 11 z’ukwezi kw’icenda mu mwaka w’2001, yarasomwe n’imirtango yabo yasigaye.

Benshi barashikirije ubutumwa bw’ukwibuka abao batakaje kuri iyo taliki.

Prezida wa Amerika, Barack Obama yaragendeye ibibanza vyose uko ari bitatu aho abantu batakarije ubuzima bwabo kw’italiki 11 z’ukwezi nkw;icenda mu mwaka w’2001aho yasomye izabuli 46 yo muri Biblia igihe yitaba ibirori vy’ukwibuka ibitero vyagiriwe I New York:

Asubiramwo iyo zabuli, prezida Obama yavuze ati: Isi yarashavuye, intwaro za cami zarimuwe, Imana yarashikirije ubutumwa bwayo, isi yarashonze. Imana iri kumwe natwe. Imana ya Yakobo nibwo buhungiro bwacu.

George W. Bush yahoze ari prezida wa Amerika, nawe nyene niho yari, akaba yarasomye ikete prezida Abraham Lincoln yandikiye umupfasoni yabuze abana biwe bose b’abahungu mu ngwano yo muri Amerika.

Mu birori vyabereye hanze y’inyubakwa y’ubushikiranganji bujejwe ukwivuna abansi bwa Amerika, umukuru w’igisirikare ca Amerika, Amiral Michael Mullen yaremeye ububabare bukiriho imyaka cumi inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyo kw’italiki 11 z’ukwezi kw’icenda mu mwaka w’2001. Yavuzeko abagira iterabwoba bashobora gusenyura impome ngo yamara ntibashobora gusenyura Amerika.

XS
SM
MD
LG