Ebrahim Raisi yarahiye nka Prezida mushasha wa Irani. Uwu yahoze ari umucamanza yigeze guhanwa n'Amerika yatahukanye intsinzi mu matora yo mu kwezi kwa gatandatu abakandida batari bake batemerewe kwitoreza.
Mu bategetsi bitabiriye ibirori vyo kumurahiza, harimwo Prezida wa Afuganistani Ashraf Ghani, n’uwa Iraki Barham Salih. Umukuru w’umuhari wa Hamas n’icegera c’uwutwara Hezbollah nabo bari bahari.
Prezida Ebrahim Raisi agiye ku butegetsi mu gihe Irani yugarijwe n’ibibazo birimwo ivy’ubutunzi n'ingaruka zatewe n’ibihano Amerika yafatiye ico gihugu. Ku wa kabiri yari yavuze ko azogerageza Amerika ikavanaho ivyo bihano yise ivy’akarenganyo.
Amerika yashiriyeho ibihano Irani mu ntango zo mu 2018. Ni ibihano bifatiye ku masezereano yo guhagarika ihingurwa ry’ibirwanisho vy’ubumara bwa Nikleyeri.
Amwe mu makuru ari muri ino nkuru Ijwi ry’Amerika riyakesha itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, n’iy’abanamerika, AP.
Facebook Forum