Uko wahagera

Ebola Yoba Igiye Gutuzwa muri Republika ya Demokarasi ya Kongo?


Perezida wa Republika ya demokarasi ya Kongo, Felix Tshisekedi yatangaje ko afise icizere ko ikiza ca Ebola kizoba carangiye mu gihugu ciwe mu ndwi ziri imbere.

Tshisekedi yemeje ko abantu bagifise Ebola bari ku rushi mu ntara ya Ituri iri mu buseruko bw’igihugu. Yamara yibaza ko bashobora guhagarika burundu ico kiza mu mpera z’uyu mwaka.

Abantu barenga 2000 barahitanywe na Ebola muri Kongo. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje Ebola ko ari ikibazo cihutirwa mu makungu mu kwezi kw’indwi k’uyu mwaka w’i 2019. Igitigiri c’abantu banduye Ebola caragabanutse bikomeye kuva ico gihe.

Mu vyo yatangaje mu gisagara ca Berlin inyuma yuko abonanye na Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel, Tshisekedi yatangaje ko yipfuza gukorana n’igihugu ico arico cose gishaka gucukura ubutare bukomeye butandukanye buri mu gihugu ciwe, harimwo Ubushinwa n’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG