Uko wahagera

Dubai: Abarundi Bagera ku 250 Bari mu Yabira Kubera COVID-19


Bamwe muri abo barundi

I Dubai, hari abarundi bagera kuri hafi 250, bagwiriyemwo abadandaza bavuga ko babuze ayo bacira n’ayo bamira biturutse ku bibuga vy’indege bitariko birakora kubera ikiza ca Virusi ya Corona.

Umuce munini w’abugarijwe n’ico kibazo bagiye bafise impusha z’amezi atatu gusa, babura amayira yo gusubira inyuma. Reta y’ico gihugu yabahaye kugera kw’igenekerezo rya 12 uku kwezi bakaba bakinjuye, atari uko bazorihishwa ihadabu y'amadorali ari hagati ya 30 na 80 ku munsi.

Gahire Eddie Kevin atwara abarundi baba I Dubai mu kiganiro na mugenzi wacu Diane Nininahazwe atabariza bagenzi biwe.

Bafise Kugera Igenekerezo rya 12 Bagakinjura, Atari uko Bazoriha Ihadabu
please wait

No media source currently available

0:00 0:06:23 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG