Uko wahagera

DRC: Imyiyerekano y'Abaharanira Demokarasi Yaburijwemwo


Abaporisi ba Kongo biruka inyuma y'imodoka yabo mu gihe bariko batana mu mitwe n'abari mu myiyerekano isaba Perezida Joseph Kabila kuva ku butegetsi, Kinshasa, itariki 19/09/2016.
Abaporisi ba Kongo biruka inyuma y'imodoka yabo mu gihe bariko batana mu mitwe n'abari mu myiyerekano isaba Perezida Joseph Kabila kuva ku butegetsi, Kinshasa, itariki 19/09/2016.

Iyindi myiyerekano y’abaharanira demokarasi bo mu muhari LUCHA, yiyamiriza kuba abategetsi ataco bakoze kugira bahagarike ubwicanyi bubandanya kuba mu karere ka Beni muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo yaburijwemwo uno musi ku wa gatatu.

Abari muri iyo myiyerekano bashwiragijwe hakoreshejwe imyuka ibabaza mu maso mu gisagara ca Kisangani mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Abari mu myiyerekano basemereye amajambo abaza ico abategetsi bariko barakora imbere y'uko bashwiragizwa.

Igitero cabereye hafi y’igisagara ca Beni kw’italiki 22 z’ukwezi kw’icenda cahitanye abantu 20.

Kuva kw’italiki 2 z’ukwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2014, abanyagihugu 700 barishwe bunyamaswa mu karere ka Beni. Ubwo bwicanyi bwagirijwe abarwanya ubutegetsi bwa Reta ya Uganda bo mu murwi, “Allied Democratic Forces”, ADF mu mpfunyapfunyo.

Inteko 15 zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe ONU zikomoka muri Tanzaniya zarishwe mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze.

Kuva mu kiringo c’imisi igera kuri 15, ibitero vy’imirwi yitwaje ibirwanisho y’abanyekongo n’abanyamahanga ku birindiro vy’inteko za Reta vyariyongeye mu karere ka Beni mu ntara ya Kivu yo mu buraruko hamwe no mu karere ka Ituri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG