Uko wahagera

DRC: Bukavu Yongeye Gushirwa mu Kato Kubera COVID-19


Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bukavu

Umurwa mukuru w’intara ya Kivu y’Epfo, Bukavu wongeye gushyirwa mu kato kubera COVID19. Iyo ni imwe mu ngamba zatangajwe n’inzego z’ubutegetsi ku rwego rw’intara, inyuma y’aho hagaragariye abarwayi 12 ku munsi umwe, barimo 3 bahitanwe n’iki cyorezo.

Abo barwayi bose bagaragaye mu murwa mukuru w’iyo ntara ari wo Bukavu. Bwana Theo Ngwabije Kasi, Guverineri wa Kivu y’Epfo mu kiganiro n’abanyamakuru ku mugoroba w’uyu wa gatatu, yasiguye ko ubwandu busha bwemejwe inyuma y'ibizamini 44 bari barungitse i Kinshasa. Mu banduye nkuko Ngwabije abivuga, harimwo umubyeyi wari umaze igihe gito yibarutse.

Akanama kashyiriweho kurwanya ikwirakwira rya Covid-19 ku rwego rw’intara ya Kivu y’Epfo kagaragaza ko abarwayi hafi ya bose babonetse mu mujyi wa Bukavu baturuka muri Komini imwe ya Ibanda.

Akato ka mbere umujyi wa Bukavu wari washyizwemo nk’ingamba yo gukumira ikwirakwira rya Covid-19 kari karangiranye n’itariki ya 29 y’ukwezi gushize kwa 4.

Kugeza ubu intara ya Kivu y’Epfo iri muri 5 za mbere zagaragayemo abanduye Covid-19 kuva umurwayi wa mbere w’iki cyorezo agaragaye mu murwa mukuru Kinshasa ku itariki ya 10 y’ukwezi kwa 3 uyu mwaka.

Umurwa mukuru Kinshasa ni wo ukiza imbere y’izindi ntara aho mu barwayi ibihumbi 2,545 bamaze kugaragara kugeza kuri uyu wa kane, wihariyemo abagera ku bihumbi 2,394.

Muri abo 365 barakize, mu gihe abagera kuri 68 ari bo bamaze gutangazwa ko bapfuye bazize Covid-19 muri Repubulika ya Demukarasi ya Kongo.

Inkuru ya Themistocles Mutijima

DRC: Bukavu Yongeye Gushirwa mu Kato Kubera COVID-19
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:05 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG