Uko wahagera

DRC: Amwe mu mafoto y’ikirunga ca Nyiragongo caciye mu gisagara ca Goma ku wa gatandatu mw’ijoro

Abategetsi muri Republika ya Demokarasi ya Kongo bariko barasuzuma ivyononywe n’ikirunga caraye giciye mu gisagara ca Goma, bongera baraba abakenewe gufashwa uko bangana.

Ibitigiri vy’imfata kibanza bimaze gutangwa na Reta bivuga ko abantu batanu ari bo baguye mu misunikano y’abanyagihugu bagerageza guhunga, amazu atatangajwe igitigiri nayo arahatikirira.

Bamwe mu banyagihugu bagera ku 7000 bari bahungiye mu Rwanda kuva mu gatondo k’uno wa Mungu batanguye gusubira mu mihana yabo.
Prezida wa Kongo Félix Tshisekedi vyabaye ngombwa ko acira hagati urugendo rw’akazi yarimwo I Buraya aza kuraba uko vyifashe.

Ikirunga ca Nyiragongo catangiye gucira kuva ejo ku musi wa gatandatu mw'ijoro.

Voma ibindi

XS
SM
MD
LG