Uko wahagera

DRC: Abadepite 20 Batavuga Rumwe na Reta Bahagaritswe mu Mirimo


Bamwe mu bagize sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ya Congo

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kuri uno wa kabiri yahagaritse mu mirimo abashingamateka 20 ibagiriza kuba batowe bidaciye mu mategeko.

Mu bahagaritswe, 10 ni abo ku ruhande rwa Moise Katumbi atavuga rumwe n’ubutegetsi, umunani bo mu mugambwe MLC, Mouvement de libération du Congo, wa Jean-Pierre Bemba yahoze anatwara umurwi w’abarwanyi. Bandi babiri nabo ni ba soma mbike ba Martin Fayulu ari mu baheruka guhiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Ingingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ihaye amahirwe bamwe mu bari mu runani FCC rw’uwahoze ari prezida wa Congo Joseph Kabila, baciye baronka ibibanza mu nama nshingamateka.

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro muri Kongo yavuze ko ingingo yayo ari ntabanduka. Yasiguye ko ari ingingo yafashwe inyuma yo kwiga dosiye z’abaharurwa mu gihumbi bari bayituye.

Vyitezwe ko Jean Pierre Bemba ahava agira ico atangaje umwanya n’umwanya kuri iyo ngingo. Amwe mu mashirahamwe yigenga arimwo n’ayabashingwamanza yateye ivyatsi iyo ngingo.

Umukuru w’ishirahamwe ry’abashingwamanza baharanira ubutungane kuri bose, Me Georges Kapiamba, yavuze ko ari ingingo yerekana ko abagize sentare yubahiriza ibwiriza shingiro bari mu kwaha kw’ababagenye bagizwe ahanini n’abo mu runani FCC rwa Joseph Kabila.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG