Sosiyete Moderna yemeza ko inyuma y'amezi atandatu umuntu atewe urucanco rwayo rwa Covid-19, rubandanya kumukingira ubwandu kugera ku bice 93%.
Mw’itangazo iyo yasohowe n’iyo nyamerika yasohoye kuri uno wa kane, yavuze ko iyi ari inkuru nziza naho bategerezwa kwama bagavye kuko ubwoko bushasha bwa virusi ya Corona bwita Delta ari intambamyi ikomeye cane.
Sosiyeye ya Moderana yavuze ko ubwayo yibaza ko imbere y’uko urushana rutangura, bizokenerwa ko abamaze gucandarwa bahabwa iyindi doze y’urucanco.
Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, yamara ryo risaba ibihugu bikize kudatanga doze ya gatatu imbere y’uko incanco za mbere zishika mu bihugu vyose biri mu nzira y’iterambere.
Amwe mu makuru ari muri ino nkuru Ijwi ry’Amerika riyakesha itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, n’iy’abanamerika, AP.
Facebook Forum