Uko wahagera

Donald Trump na Joe Biden mu Myiyamamazo Yabo ya Nyuma


Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, umukandida w'umurepublikani na Joe Biden, umukandida w'umudemokrate yigeze kuba icegera ca prezida bariko bariyamamaza ku musi wa nyuma imbere y'amatora ya prezida azoba ejo ku musi wa kabiri muri Amerika.

Ikiringo c’ukwiyamamaza camaze amezi n’amezi kigeze ku musi wa nyuma. Abakandida bompi bariko bagerageza kwumvisha abakigonanwa kubatora.

Donald Trump na Joe Biden bariko bagirisha amakoraniro mu mareta atandukanye afise uruhara rukomeye cane ku bizova mu matora y’ejo ku musi wa kabiri.

Aho abakandida bariko bashimikira cane ni muri Reta ya Pennsylvania, aho Joe Biden yerekanwa ko ari imbere ya Trump mu biherutse gutohozwa. Yamara Trump yaratsinze iyo reta mu mwaka w’i 2016.

Umukandida atsinze Pennsylvania atahira amajwi 20 ku majwi 270 y’intumwa ziserukira abatora mu mareta atandukanye agize igihugu akenewe kugira umukandida atsindire ikibanza ca prezida.

Uretse Reta ya Pennsylvania, Joe Biden araja muri Reta ya Ohio ifise amajwi 28 y’intumwa ziserukira iyo reta. Ivyatohojwe muri iyo reta vyerekana ko abakandida bompi basa n’ababangabanganywe.

Trump araja muri Reta ya Carolina yo mu buraruko avuye muri Pennsylvania hamwe na Michigan na Wisconsin.

Ivya nyuma bizova mu matora y’ejo ku musi wa kabiri ntibizomenyekana imbere y’indwi z’inyuma yaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG