Abanyajibuti bitavye amatora y'umukuru w'igihugu uno musi ku wa gatanu mu gihe Prezida, Ismail Omar Guelleh, ariko arondera ikiringo kigira gatanu.
Guelleh, afise imyaka 73 muri iki gihe, ariko ahiganwa n’umukandida yigenga Zakaria Ismail Farah, yahagaritse kwiyamamaza hakiri kare, avuga ko atashobora kubikora mu mutekano.
Abanebagura umukuru w’igihugu bavuga ko ari umutegetsi atwaza agahotoro. Yamara abandi bamubona ko ari umutegetsi ari inyuma y’iterambere n’umutekano w’igihugu.
Djibouti kiri ku nkengera z’ibahari ritukura, Mer Rouge. Ni imwe mu nzira yo mu mazi irimwo uruja n’uruza rukomeye mpuzamakungu rw’ubwato butwara ibicuruzwa.
Prezida Guelleh ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’1999, inyuma y’urupfu rw’uwo yasubiriye, Hassan Guled Aptidon, prezida wa mbere wa Djibouti. Ici gihugu cahoze gikolonijwe n’Ubufransa, caronse intahe y’ukwikukira mu mwaka w’i 1977. Perezida Guelleh yaheruka kubwira abamenyeshamakuru ko yumva adashaka kuguma ku butegetsi, ko yamara yishuye ku vyipfuzo vy’abanyagihugu.
Amenyesha ko ari bo bamusavye gusubira kwitoza bifatiye kw’iterambere yabazaniye.
Abantu barenga 205,000 bariyandikishije kugira batore, ku banyajibuti 600,000 batuye ico gihugu. Jibuti kigizwe n’ubwoko bw’Abasomali, aba Afar, n’Abarabu.
Facebook Forum