Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ry’gihugu ca Argentine ryerekanye umubabaro ukomeye ku rupfu rwa Maradona. Prezida w’iryo shirahamwe, Claudio Tapia, yatangaje ko Maradona azokwama ari mu mitima yabo.
Prezida w’igihugu ca Argentine, Alberto Fernandez, nawe nyene yashizeho icunamo c’imisi 3 mu gihugu cose inyuma yuko inkuru y’urupfu rwa Maradona itangajwe. Yashimiye Maradona kuba yarabayeho kuri iyi si n’ukuba yashikanye abanya rgentine eku rwego rwo hejuru cane. Yavuze ko bazomukumbura cane.
Umukinyi w’umupira w’amaguru rurangiranwa wo mu gihugu ca Bresil, Pele, yafashe akaruhuko ko mu za bukuru, yagandariye urupfu rwa Maradona.
Mu bihe vya vuba Maradona yaragize ibibazo vy’amagara. Haheze indwi zitari nke yibagishije mu bwonko. Yahitanywe n’umutima ku musi wa gatatu ari i muhira iwe ku nkengera z’umurwa mukuru wa argentine, Buenos Aires.
Asize umupfasoni bari bamaranye igihe, Veronica Ojeda, n’abana b’abakonbwa 2, abahungu 2 n’abuzukuru batari bake hamwe n’uwahoze ari umutambukanyi wiwe, Claudia Villafane.
Facebook Forum