Uko wahagera

Didier Ratsiraka Yahoze ari Perezida wa Madagascar Yitavye Imana


Didier Ratsiraka yahoze ari Perezida wa Madagascar
Didier Ratsiraka yahoze ari Perezida wa Madagascar

Didier Ratsiraka yahoze ari Perezida wa Madagascar yitavye Imana ku myaka 84. Ashengeye inyuma y’indwi yari amaze ari mu bitaro aho yariko avurirwa ingwara y’"ibicurane". Nyakwigendera Ratsiraka yategetse Madagascar kuva mu 1975 gushika mu 1991, agaruka mu 1997 gushika mu 2002.

Ubutegetsi bwiwe bwa gisosiyariste bwaranzwe ahanini n’ugusubira inyuma kw’ubutunzi bw’igihugu, bivanze no kubaho nabi ku banyagihugu. Ibi vyatumye yeguzwa mu 1991 inyuma y’imyiyerekano y’urutavanako y’abatari bamushigikiye. Yaje kugaruka ku butegetsi mu 1997 ariko naho nyene abukurwako n’abatari bamushigikiye.

Inyuma yo kuvanwa ku butegetsi mu 2002, Nyakwigendera Ratsiraka yahungiye mu Bufaransa ahamara imyaka cumi n'umwe. Mu 2003, yagiriwe n’icaha co kunyonyeza amatungo ya Reta no kubangamira umutekano w’igihugu, acirwa umunyororo w’imyaka itanu n’ukumara imyaka cumi akora ibikorwa vy'inguvu atabihembewe. Ivyo bihano vyahavuye yamara bifutwa mu 2009.

Muri ino myaka cumi iheze, Perezida Didier Ratsiraka yari yagarutse ku rubuga rwa politike rwo muri Madagascar aho yari akunze kuboneka mu bimenyeshamakuru atanga intererano mu buzima bwa Politike. Andry Rajoelina aramutswa Madagascar abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yatangaje amakuru y’urupfu rw’Umuhisi Ratsiraka avuga ko Madagascar ibuze “Intwari yitangiye igihugu”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG