Uko wahagera

Imigwi Yitwaje Ibigwanisho mu Burundi


Perezida w'Uburundi, Petero Nkurunziza aherutse kugirana umubonano n’abatwara inzego za gisirikare niz'igiporisi, aho yamenyesheje ko, mu mezi abiri arangiye, bamaze gusambura imigwi itari mike y'abantu bitwaje ibigwanisho

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Leonidas Hatungimana, yatangaje kur'uwu wa kabiri,igenekerezo rya kabiri, ukwezi kw’icumi na rimwe, ko abasirikare n'abaporisi basambuye mu mezi abiri arangiye, imigwi itari mike y'abantu bitwaje ibigwanisho. Ivyo yabishikirije inyuma y'umubonano Perezida w'Uburundi, Petero Nkurunziza, yagiranye n'abatwara inzego za gisirikare niz'igiporisi. Uwo muvugizi wa Perezida Pierre Nkurunziza avuga ko iyo migwi yari ibangamiye umutekano mu ntara za Cibitoke, Bubanza, Kayanza, Muramvya, Mwaro na Bujumbura.

Ibikorwa vy'abaporisi n'abasirikare, bafadikanije n'abanyagihugu ngo nivyo vyatumye iyo migwi isamburwa. Leonidas Hatungima arongera akavuga ko hariho abantu benshi bafaswhe, bagiye batanga inkuru zerekeye iyo migwi. Abajewe umutekano ngo barafashe ibigwanisho, ariko umuvugizi wa Perezida ntatomora neza ibitigiri vy’abantu bafashwe canke ibigwanisho. Ico Leonidas Hatungimana yemeza, ngo n'uko muri iyi misi iri mbere, umutekano ugiye gushimisha kuruta mu misi iheze.

Ikiganiro Perezida Nkurunziza yagiranye n'abarongoye inzego z’ abaporisi n'abasirikare cabaye mu mw'iherero, muri komine Kabezi, mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura. Mur'iyo komine, inkuru zitangwa n'abanyagihugu baho bari mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, zimenyesha ko hariho imisore myinshi ifatwa, kubera ko iri mu migambwe itemeye ivyavuye mu matora. Abo banyagihugu bavuga ko rimwe na rimwe batamenya irengero ry'iyo misore.Izo nkuru ziremezwa kandi n'abatwara imigambwe itavuga rumwe na reta n'umukuru w'ishirahamwe APRODH, ryubahiriza agateka ka zina muntu Pierre Claver Mbonimpa.

Abajejwe intwaro bavuga ko igikorwa co guhiga abagize imirwi y'abo reta yita abasuma, catumye hafatwa n’abikekwa, ariko ngo abo basanze atakibagira bararekurwa. Inyuma y'iyo nama yo mu Kabezi, umuvugizi wa Perezida Nkurunziza yamenyesheje kandi ko abafashe amajambo baneguye uburyo amaradiyo, batadomyeko urutoke, yagiye aratanga amakuru. Ayo maradiyo yagirizwa ko yatanze inkuru zirenza urugero, zigaca umutima abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG