Uko wahagera

De Klerk Umuzungu wa Nyuma Yatwaye Afurika y'Epfo Yitavye Imana


Nyakwigendera Frederick Willem de Klerk
Nyakwigendera Frederick Willem de Klerk

Frederick Willem de Klerk yigeze kuba Prezida wa Afurika y'Epfo yitavye Imana. Willem de Klerk ni we muzungu wa nyuma yatwaye Afurika y'Epfo.

Fondasiyo yiwe yatangaje ano makuru ivuga ko yasandabiye ku muhana iwe uri mu gisagara ca Cape Town. Ashengeye ku myaka 85. Ahitanywe n'ingwara ya Canceri.

Frederick Willem de Klerk mu 1993 yasangiye agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel (Prix Nobel de la Paix) na Nelson Mandela. Nyakwigendera Frederick Willem de Klerk yavukiye mu gisagara ca Johannesburg mu 1936. Yatwaye Afurika y'epfo kuva mu 1989 gushika mu 1994. Yagiye ku butegetsi bwa Afurika y'epfo igihe bwaramutswa abazungu gusa muri ico gihugu.

Bimwe mu vyatumye amenyekana cane, ni ijambo yavuze ryo kurekura Nelson Mandela yari amaze imyaka 27 afunzwe Iryo jambo yavuze igenekerezo rya 2 ukwezi kwa kabiri mu 1990 rifatwa nk'intambwe ya mbere yabaye yo gusezerera intwaro ya ki apartheid.

De klerk aja kurekura Mandela, yarabihishije abantu bose kiretse abashikiranganji bake cane bari bamwegereye. N'umupfasoni wiwe nta kintu na kimwe yigeze amenya, yavyumviye mu nama nshingamteka co kimwe n'abandi.

Mu 2006 Frederick Willem de Klerk ahimbaza isabukuru y'amavuko y'imyaka 70, Nelson Mandela yamushimiye amubwira ko yabaye intwari mu gufata ingingo yo ku murekura kuko ata bandi bari kubikora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG