Daniel Toroitich Arap Moi yabaye perezida wa Kenya kuva mu 1978 gushika mu 2002 yitavye Imana ku myaka 95. Umuhungu wiwe Gideon Moi, asanzwe ari umukenguzamateka yemeje ayo makuru avuga ko se yashengeye mu masaha yo mu gitondo c’uno wa kabiri akikujwe n’umuryango wiwe mu bitaro yari amaze iminsi arwariyemwo.
Perezida Uhuru Kenyatta yahojeje umuryango wabuze yongera ashinga ikigandaro mu gihugu cose. Ico kigandaro kizosozerwa umunsi azoshingurwa. Mu kurindira ko amatariki yo kumushingura atangazwa, Uhuru Kenyatta yategetse ko amabendera yose ku nyubakwa za Reta aduzwa kugera hagati.
Perezida Daniel Toroitich Arap Moi yagiye ku butegetsi asubirira Jomo Kenyatta yarondeye ukwikukira kwa Kenya. Ni we mu perezida yamaze umwanya muremure ku burongonzi bw’ico gihugu.
Intwaro yiwe bivugwa ko yaranzwe no guhohotera abatavuga rumwe na Reta, itabwa mu mvuto ridakurikije amategeko ku banyagihugu batandukanye, ubushomeri, ibiturire, itituka ry’ubutunzi n’agaciro k’amafaranga. Mu 1982 yashizeho politike y’umugambwe umwe rudende yiyamirijwe n’abatari bake.
Raila Odinga, umwe mu banyepolitike batawe mu mvuto ico gihe bazira kwiyamiriza iyo poltike, yavuze ko ashimishijwe n’uko umuhisi ashengeye bariyunze mu matati ya politike yabatandukanije umwanya muremure. Yashimye ko Arap Moi yumvise akamo k’amakungu, amashirahamwe yigenga n’indongozi z’amadini mu 1992 aho yisubirako akongera kwemera ubwinshi bw’imigambwe.
Mu 2000 ikigo Kroll cazobereye mu matohoza cerekanye ko mu kiringo c’imyaka 24 Perezida Arap Moi yamaze ku butegetsi, abicishije muri ba somambike biwe no mu masosiyete atandukanye hanyurujwe amafaranga aharurwa mu miliyari w’amadorali.
Facebook Forum