Uko wahagera

Croix Rouge Ikeneye Imiriyoni z'Amadorali Zirenga 9 zo Gutuza Ebola


Ishirahamwe ritabara imbabare kw'isi, Croix Rouge, rikeneye imiliyoni zirenga icenda zo gutuza ikiza ca Ebola casubiye kuvugwa mu burengero bw'umugabane wa Afrika. Mohammed Mukhier atwara iryo shirahamwe muri Afrika yatangaje ko ayo mafaranga akenewe azofasha gukinga ico kiza muri Gineya, Liberiya, Côte d’Ivoire, Mali, Senegal na Sierra Leone.

Muri urwo rutonde rw’ibihugu Croix Rouge yipfuza gukingamwo Ebola, aho ico kiza kimaze gushika ni muri Gineya gusa. Yamara uwo mutegetsi ashimangira ko ivyo bihugu vyose bishobora na vyo gutandukirwa ata gikozwe. Ejo ku wa Mungu ni ho Gineya yatangaza ku mugaragaro ko yatewe na Ebola. Abajejwe igisata c’amagara y’abantu bemeza ko bane bava mu burere butandukanye ari bo bamaze guhitanwa n’ico kiza cari caratujijwe kuva mu 2016.

Vyari bitegekanijwe ko ejo ku wa Mungu incanco zigera ku bihumbi cumi na kimwe zatanzwe n’ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, zishika muri Gineya, ariko imvura nyishi yiriwe irarwa yatumye ico gikorwa kitarangurwa, gutyo ibikorwa vyo gutangura gucandaga abanyagihugu vyari bitegekanijwe ko bitangura uno munsi, vyimurirwa ejo ku wa kabiri.

Ahandi hamaze kwibonekeza ubwandu bwa Ebola ni muri Republika ya Demokarasi ya Kongo: Babiri muri bane banduye baritavye Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG