Uko wahagera

COVID19: Ubushinwa Bwoba Bwiteguriye Guhebera Afurika Amadeni?


Perezida w'Ubushinwa kumwe n'abategetsi bamwe bamwe ba Afurika

Igihugu c’Ubushinwa catangaje ejo ku musi wa mbere ko kizi ivyerekeye umugambi w’uguhebera amadeni ibihugu vyo muri Afrika, kandi ko cipfuza kwihweza ivyerekeye ico kibazo hamwe n’amakungu.

Ivyo ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Ubushinwa n’amakungu bwabitangaje bubicishije muri fax yarungikiwe itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ku musi wa mbere. Ubwo bushikiranganji bwariko bwishura ku bibazo ku migambi y’Ubushinwa ku bijanye n’amadeni ibihugu vyo muri Afrika bibufitiye mu gihe c’ikiza c’umugera wa Corona.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters ryamenyesheje ko bisa nuko Ubushinwa buzoshigikira iciyumviro cuko ibihugu vyo muri Afrika vyoba birahagaritse kuriha amadeni yavyo. Ivyo bikaba vyitezwe kuba mu masezerano ibihugu biteye imbere kurusha ibindi kw’isi n’ibiriko biratera imbere bigize umurwi G-20 bizoshikako muri iyi ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG