Uko wahagera

COVID19: Ubushinwa Bukomeje Kwagirizwa Guhohotera Abanyafurika


Amakuru avuga kw’ikumira rifatiye kw’ibara ry’urukoba ryakorewe abanyafrika baba mu Bushinwa vyashavuje abatari bake ku mugabane w’Afrika.

Abanyeshule b’Abanyafrika hamwe n’abandi banyafrika bari mu gisagara ca Guangzhou mu bumanuko bw’Ubushinwa bategetswe kwipimisha ku nguvu umugera wa Corona n’ukwikumira mu kiringo c’imisi 14. Ivyo bitaravye ko baherutse kuva canke kuza mu gihugu. Ivyo bibaye mu gihe abategetsi b’Ubushinwa bafise impungenge zikomeye ko hari abantu bariko bazana umugera wa Corona bavuye hanze y’igihugu.

Igitigiri c’abanyafrika batari bake barirukanywe mu ndwi iheze mu mahoteri no mu zindi nyubakwa babamwo. Ivyo bikaba vyatumye bayerera mu mabarabara kubera kubura aho bakika umusaya.

Muri Afrika, abategetsi ba za reta, itangazamakuru n’abanyagihugu bishuranye ishavu ku rwanko n’ukwinuba abanyamahanga biriko bitera vyiyongera mu Bushinwa. Ku musi wa gatandatu, itangazamakuru muri Kenya, Uganda, Afrika y’epfo na Nijeriya vyarasohoye amashusho ku kugene abanyafrika bariko bafatwa mu Bushinwa.

Mw’itangazo ku musi w’Imana, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa n’amakungu, Zhao Lijan, yarahakanye ko Ubushinwa buriko butoteza abanyamahanga vy’umwihariko. Amenyesha ko abanyamahanga bose bafatwa co kimwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG