Kuva kuri uyu wa mbere, igihugu c’Uburufaransa carekuye uruja n’uruza rw’imiduga yunguruza abantu ngo isubire mu bikorwa.
Ariko Amategeko atari make yashizweho kuva kw’itariki 17 z’ukwezi kwa gatatu yo mu bihe bidasanzwe aracari mu ngiro.
Muri ayo mategeko harimwo ayasaba ko buri muntu yambara agakingirizo gafuka umunwa n’amazuru kandi abantu bagakurikiza amametero asabwa yo kutegerana hafi na hafi.
Kuri uno musi wa mbere kandi, amaduka mato mato nk’amamaganzini, aho kwimweshereza imishatsi n’ayandi yemerewe kwugurura.
Ibiharuro biva muri kaminuza ya John Hopkins muri Amerika bivuga ko Ubufaransa bufise abagwayi barenga ibihumbi 177, abantu barenga ibihumbi 26 bakaba baritavye Imana.
Facebook Forum